Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Umuporisi umwe yakomerekejwe n’amasasu
Gihanga : Umuporisi umwe yakomerekejwe n’amasasu
vendredi 11 Munyonyo 2016, par
Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane i Gihanga mu ntara ya Bubanza. Mu giporisi bavuga ko yari abasuma.
Ayo masasu yumvikanye i Gihanga yarahungabanije uruja n’uruza mw’ibarabara rya Bujumbura - Cibitoke, rikaba ryasubiriye kugenderwamwo nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ayo masasu yatanguye kwumvikana kuva nk’isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itanu z’ijoro, akavuga ko ari abasuma barasanye n’abajejwe umutekano i Gihanga. Ivyo abo basuma bari bivye vyarafashwe nk’uko mu giporisi c’Uburundi babishikiriza.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko umuporisi umwe ariwe yakomeretse muri ukwo kurasana hagati y’abasuma n’abajejwe umutekano.
IGIHE
Messages
12 Munyonyo 2016, 11:37, par nsaguye andré
iyomihimbiriyabambuzi nibazebarayicunga kukobamezenkimbwayisuma. turashimye igikorwa cakozwenabajejw umutekano.
14 Munyonyo 2016, 19:52, par Nshimiriman Gasoz
Baburakurya Barush Iyo Mihimbir Akwikorer Imizig Nibabafug
17 Munyonyo 2016, 08:04, par MELCHIADE
NIMUKOMERE MWA NGABO MWE ZIGIHUGU MUKIRINDE UMWASI NTARONKE AHAMENERA.