IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Umuporisi umwe yakomerekejwe n’amasasu

Gihanga : Umuporisi umwe yakomerekejwe n’amasasu

vendredi 11 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane i Gihanga mu ntara ya Bubanza. Mu giporisi bavuga ko yari abasuma.

Ayo masasu yumvikanye i Gihanga yarahungabanije uruja n’uruza mw’ibarabara rya Bujumbura - Cibitoke, rikaba ryasubiriye kugenderwamwo nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ayo masasu yatanguye kwumvikana kuva nk’isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itanu z’ijoro, akavuga ko ari abasuma barasanye n’abajejwe umutekano i Gihanga. Ivyo abo basuma bari bivye vyarafashwe nk’uko mu giporisi c’Uburundi babishikiriza.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko umuporisi umwe ariwe yakomeretse muri ukwo kurasana hagati y’abasuma n’abajejwe umutekano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.