IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Abagirizwa ubusuma bw’amafaranga muri posita i Makebuko (...)

Gitega : Abagirizwa ubusuma bw’amafaranga muri posita i Makebuko bahagaritswe

vendredi 10 novembre 2017

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bahagaritswe ari NTAHOMBAYE Thierry yahagarikiwe I Kinyinya mu ntara ya Ruyigi, hamwe n’umukenyezi KWIZERA Francoise yahagarikiwe I Makebuko, mu ntara ya Gitega.

Ayo mafaranga yari yibwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu buca ari kuwa kane igekerezo rya 9 Munyonyo 2017, uwikekwa akaba ari Thierry NTAHOMBAYE yari acunze umutekano aho kuri posita ya Makebuko kuko yaciye aburirwa irengero.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko naho abagirizwa ayo mafaranga imiriyoni 10 bafashwe, ayo mafaranga atarafatwa, ubu bakaba bapfungiwe mu giporisi mu ntara ya Gitega.

Abajejwe intwaro bari bemeje ayo makuru, baca bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira bamenye ukuri.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.