Accueil > Imico kama > Utugenegene > Gitega : Femi de j’Abat ariko arasigura ibijanye n’igitabo ’’ Encyclopedie de (...)
Gitega : Femi de j’Abat ariko arasigura ibijanye n’igitabo ’’ Encyclopedie de la musique burundaise’’
vendredi 2 février 2018
Aherekejwe n’abaserukira ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, Felicien MINANI Femi de j’Abat ariko asigura uko igikorwa co kwandika kizogenda n’uburyo buzokoreshwa aho buzova.
Ico gikorwa co gusigura ibijanye n’igitabo ciswe ’’Encyclopédie de la musique burundaise’’ kiriko kibera mu ntara ya Gitega, citabwe n’abaririmvyi bava mu ntara za Gitega,Muramvya, Ruyigi, Mwaro, Cankuzo hamwe n’intara ya Karusi.
Igikorwa co gutanguza k’umugaragaro iyandikwa ry’igitabo ’’Encyclopédie de la musique Burundaise’’ catanguriye mu gisagara ca Bujumbura, kuwa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018.
MUGISHA Van Naris