IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Utugenegene > Abatanga ivyiyumviro baciye mu bicapo bokwubahirizwa n’ubutegetsi

Abatanga ivyiyumviro baciye mu bicapo bokwubahirizwa n’ubutegetsi

jeudi 4 Nyakanga 2014

Urwaruka rw’Uburundi rufise impano yo gucapa rwaronkejwe akaryo ko kuja mw’ihiganwa mpuzamakungu ryo gutanga iciyumviro biciye mu bicapo. Ihiganwa ryateguwe n’igihugu c’Ubuholande mu ntumbero yo gukomeza amahoro n’ubutungane mu Burundi no kw’isi yose.

Urwaruka rw’Abarundi rugera kuri 23 rwaratanze ibicapo vyabo mw’ihiganwa ririko ribera i La Haye mu Buhorande. Iryo higanwa rihuza ibihugu bigera kuri 50 vyo kw’isi, abambere 10 bazoronswa akaryo ko ibicapo vyabo bizokwerekanwa kw’isi nzima. Ibicapo basabwa gucapa bisunga icivugo "Amahoro n’Ubutungane"( Peace and Justice)". Ivyo bicapo rero biriko vyirwa n’umurwi w’abahinga mu gucapa b’i La Haye, bahurikiye mw’ishirahamwe "Cartoon Movement", ari nabo bazotora 10 bazoba barushije abandi. Ibicapo vy’Abarundi vyashikiriye abo bahinga kw’igenekerezo rya 02 Nyakanga 2014.

Jolke Oppewal, aserukira Ubuhorande mu Burundi avuga ko akamaro k’igicapo ari ntangere mw’ihinduka ry’ibintu. Aranavuga cane aho abategetsi batari bake bamye barwanya abatanga ivyiyumviro vyabo baciye mu bicapo (Caricatures) kugira bagume ku butegetsi canke kubera ivyo bicapo vyerekana amakosa bakora. Igicapo rero kirafasha abategetsi guhindura ingendo, canke abanyagihugu muri rusangi.

JPEG - 236.5 ko
Jolke Oppewal aserukira Ubuhorande

Nk’uko Jolke Oppewal abandanya avuga, icivugo (Amahoro n’Ubutungane) catorewe isi yose ariko guhurirana n’ibihe vy’amatora Uburundi bwimirije kujamwo, aho amahoro n’ubutungane bitegerezwa kuba ngenderwako mu ntwaro rusangi.

Iryo higanwa ribaye irya mbere riteguwe n’Ubuhorande, rije mu gihe ico gihugu kiriko gihimbaza imyaka 200 iheze kibayeho. Imwe mu ngingo ziri mw’ibwirizwa nshingiro ryaco harimwo gukomeza amahoro n’umutekano ku butaka bwabo no mu makungu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ndagize mwiriwe,nashaka mbaze ko resultats za ya concours twakora mu bicapo kuri CJK ko atakizovamwo, mbe ko tubona hariho amafoto ya bamwe ari kuri internet bo ntagashiruka bute muzobaha mukurindira ikizova muri uyo murwi ujejwe kwiga ivyo bicapo abahiganwa bacapuye?twashaka umuco kugira tumenye uko bimeze.
    Murakoze.hama sinzi ko mwoturungikira numero zumu encadreur yariko aratu guida umusi wa concours ico tumwibariza, bref ni umu dessinateur wo muri IWACU.Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.