Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega: Gerenade zitanu zatowe mu rugo rw’umwigisha
Gitega: Gerenade zitanu zatowe mu rugo rw’umwigisha
mardi 5 Nyakanga 2017
Uwo yahagaritswe n’igiporisi inyuma y’igikorwa co gusaka ,azwi kw’izina rya BANKUWUNGUKA Edymond yari asanzwe atanga ivyigwa kw’ishuri nderabigisha ry’i Mweya (Ecole Normale de Mweya).
Amakuru ava mu babanyi biwe amenyesha ko BANKUWUNGUKA Edymond yafatanywe gerenade 5, artere yo kwinonora imitsi hamwe na Munchako ikirwanisho gikoreshwa n’abakinyi ba Karate.
BANKUWUNGUKA Edymond yaciye ajanwa n’igiporisi mu gisagara ca Gitega,aho yagiye gukorwako amatohoza.
Mwomenya ko muri ivyo bikorwa vyo gusaka,uwundi mugabo umwe yahagaritswe,inyuma yaho basanze mu masaha y’igitondo aborewe.
MUGISHA Van Naris
Messages
5 Nyakanga 2017, 14:42, par nephtalie
Biratey’isoni kubona umwigisha yarajejwe kurerer’Uburundi atunga ibirwnisho .Amatohoza n’akore ukuri kumenyekane hanyuma abihanirwe hakurikijwe amategeko. Abonyene nibo baca batanga amakuru y’ibinyoma ngo mu burundi biracika.Bamuhane vy’akarorero.
9 Nyakanga 2017, 04:40, par BUSURAHENDE
Uwo mwarimu bamuhora iki? Ni umukunzi w’umuziki w’uturirimbo twa kera tutakiboneka. Ivyo bindi bafashe ngira mu Burundi ntaho bitari, ababutwara barabikwiragije nta gatumba, agacimbiri, nta komine bitarimwo. Vyarasasitse inganda gushika aho bamaramara na ONU barayankira kuza gutohoza.