Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Terefone ngendanwa n’ibindi bikoresho vyafatiwe mw’ibohero (...)
Gitega : Terefone ngendanwa n’ibindi bikoresho vyafatiwe mw’ibohero rikuru
mercredi 31 janvier 2018
Nk’uko biri ku cegeranyo catanzwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, muri ico gikorwa hafashwe terefone ngendanwa 6 zo mu bwoko bwa Android , terefone ngendanwa zisanzwe 18, amacupa 7 ajamwo inzoga za Amstel ariko agaragara.
Ico cegeranyo kandi, cerekana ko hafashwe ivyuma 19 bikoreshwa mu gushira umucanwa mu materefone ngendanwa, umugozi , imbugita zitanu, ikarata zituma umuntu ahamagara zitatu, hamwe n’imisumari n’ivyuma bikoreshwa mu kwubaka.
MUGISHA Van Naris
Messages
31 janvier 2018, 14:29, par bizimana philbert
Andika hano.none kwatahandi mukindi gihugu turunva ibintu nkivyo.nko gusanga mugasho ibikoresho nkinvyo.harakenewe za kamera kwirembo ryabaja kuraba izomfugwa.iyo baganira nababo bigasubigwamwo hakabaho nka 2metre.ntibagirane umubonano wihariye oya.hagasuzumwa nurya bita jnr asohoka iyo agarutse usanga harivyo atumwa yinjirana.