Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Umuntu umwe yapfuye arashwe n’abasirikare
Gitega : Umuntu umwe yapfuye arashwe n’abasirikare
lundi 26 février 2018
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi, amenyesha ko uwo yitavye Imana azwi kw’izina rya NGENZI Evariste, akaba yarashwe n’abasirikare babiri NDABAHAGAMYE Janvier na UWIMBABAZI Jonas,bakorera ku kirindiro co ku Mutoyi, igihe c’isaha umunani z’ijoro, mu bunywero buri ahitwa kw’i Jabe.
Pierre NKURIKIYE, avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, abo basirikare bamurashwe amasase 15 bakoresheje inkoho zibiri, bari basanzwe bakoresha mu kazi kabo ka minsi yose.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko igiporisi cashitse ahabereye ubwo bwicanyi, abo basirikare nabo bakaba bamaze gufatwa, naho icatumye barasa NGENZI Evariste kitaramenyekana.
Ikiziga c’umuhisi NGENZI Evariste kikaba kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyo ku Mutoyi, nayo abo basirikare bakaba bamaze kujanwa muri parike, kugira bacirirwe urubanza rw’ikibiriraho.
- Abasirikare babiri barashe umuntu mu Mutoyi
MUGISHA Van Naris
Messages
26 février 2018, 10:01, par Busurahende
Inganda zo zizobandanya zigwa igisirikare n’igipolisi babandanije bakora uko bakora kuva 2015.
26 février 2018, 19:33, par rivuzimana claude
iyo grenade yatewe hehe ?uzo ziterwa nabahunze k abategetsi buburundi bavuga kumutekano ukwiye.