Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Umwigisha kuri Lycee Nkondo yahagaritswe na parike
Gitega : Umwigisha kuri Lycee Nkondo yahagaritswe na parike
jeudi 11 janvier 2018
Uwo yahagaritswe azwi kw’izina rya NIBITANGA Donatien, yahagaritswe na parike mu ntara ya Gitega, mu rukurikirane rw’urubanza rw’urupfu rw’umutama azwi kw’izina rya BUKOBERO Jacques, mu kwezi kwa gatatu 2017.
Abo mu muryango wiwe bavuga ko bafise amakenga kw’ihagarikwa ry’uwabo, kuko abapfunzwe bagirizwa urwo rupfu bari bamaze kwumvirizwa , kandi urubanza rwabo rukaba rwari rwitezwe gusomwa vuba, bafise n’icizere co kurekurwa.
Uwo mutama BUKOBERO Jacques yishwe atewe gerenade n’abantu bamusanze muhira iwe kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017, ku musozi Gasenyi, komine Nyarusange, mu ntara ya Gitega.
MUGISHA Van Naris