Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Urubanza rw’abasirikare bagirizwa kurasa umuntu rwungururijwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Urubanza rw’abasirikare bagirizwa kurasa umuntu rwungururijwe (...)

Gitega : Urubanza rw’abasirikare bagirizwa kurasa umuntu rwungururijwe kur’uyu wa gatatu

mardi 27 février 2018

Abo basirikare barengutse ni Adjudant NDABAHAGAMYE Janvier hamwe na Caporal Chef UWIMBABAZI Jonas,bompi barashe umunyagihugu azwi kw’izina rya NGENZI Evariste, bakaba bamurashe amasasu 15 bakoresheje inkoho zibiri, aca yitaba Imana aho nyene.

Amakuru dukesha abari bagiye kwumviriza urwo rubanza, kuri sentare nkuru y’intara ya Gitega,amenyesha ko urubanza rw’abo basirikare rwatanguye gusasa nk’igihe c’isaha icenda n’iminota 45.

Mu mwambaro usa n’urwatsi rubisi w’abanyororo, bamaze kubazwa ko bafise ababuranira, basiguye ko atabo bafise, ariko hahava haboneka abashingwamanza babiri bahavuye biyemeza kubaburanira, naho nyene basiguye ko mu bisanzwe batabazi.

Abo bashingwamanza babajijwe igituma bemeye kuburanira abantu bavuga ko batazi, basiguye ko ari akazi kabo, kandi ko n’abo basirikare bafise uburenganzira bwo kugira ababafasha, mu gihe icaha bagirizwa gishobora guhanishwa umunyororo urenza imyaka 20.

Sentare imaze guca hirya no hino ivyashikirijwe n’abagirizwa kwica hamwe n’abashingwamanza, yaciye yungururiza urubanza kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018, isaha zitandatu z’umutaga.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.