IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Hussein RADJABU avugwa mu cegeranyo c’abariko bategura gutera (...)

Hussein RADJABU avugwa mu cegeranyo c’abariko bategura gutera Uburundi

mardi 15 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri muri ico cegeranyo c’abahinga ba ONU bakorera muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, abo barwanyi bagizwe n’imirwi itatu yatanguye kwibonekeza mu mwaka w’2015, inyuma y’ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Iyo murwi ni FNL ya General Aloys NZABAMPEMA, RED TABARA izwi kandi nka FRONABU TABARA, hamwe na FOREBU.

Ico cegeranyo kivuga ko muri iyo mirwi yose iriko yitegurira gutera Uburundi, abakomeye cane kurusha abandi ari abarwanyi ba FOREBU barongowe n’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi izwi kw’izina rya Colonel Edouard NSHIMIRIMANA yatorotse igisirikare c’Uburundi.

Iyo ntwazangabo irongoye muri uwo murwi abasirikare batorotse hamwe n’impunzi zinjijwe muri uwo murwi urwana. Ibiro vya poritike vy’uwo murwi wa FOREBU birongowe na Hussein Radjabu, nk’uko biri muri ico cegeranyo ca ONU.

JPEG - 106.6 ko
Hussein RADJABU yigeze kuba umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Mu ntumbero y’ukuburizamwo imyiteguro y’iyo mirwi irondera gutera Uburundi, abahinga ba ONU bavuga ko abasirikare b’Uburundi batanga ibirwanisho ku banyagihugu bo muri Congo mu turere tw’ikiyaya ca Rusizi.

Uburundi bukaba bubikora kugira abo banyagihugu bo muri Congo bafashe kurwanya iyo mirwi ishobora gutera Uburundi, nk’uko bibandanya bivugwa muri ico cegeranyo c’abahinga ba ONU.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.