IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cashikirije ivyavuye mu gikorwa ca EAPCCO na (...)

Igiporisi c’Uburundi cashikirije ivyavuye mu gikorwa ca EAPCCO na SARPCCO

lundi 16 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku ruhande ry’Uburundi Umugenduzi mkuru w’igiporisi c’Uburundi, André NDAYAMBAJE amenyesha ko ico gikorwa co kurwanya ubwo bubisha cakozwe mu gihugu cose mu kiringo c’imisi 2, arongera akanashikiriza ivyashitsweko, nk’ibiro mirongo umunani n’indwi (87) vy’urumogi rwa Cannabis vyafashwe, umurima w’urumogi waturiwe, igarama 1.6 za cocaïne.

Abantu 24 nabo nibo bafashwe badandaza canke banywa urumugi harimwo umupfasoni umwe, hakabamwo abigeme 4 bafatiwe mu Buganda bariko baja mu gihugu ca Oman.

Haratowe kandi inkoho 2 n’ama gerenade 2, insenga zo kuroba zitemewe n’amategeko.

PNG - 380.4 ko
André NDAYAMBAJE, umugenduzi mukuru w’igiporisi c’Uburundi

Ico gikorwa c’ibihugu bihurikiye mu mashirahamwe EAPCCO na SARPCCO cabaye kuwa 4 na 5 Gitugu 2017, Umugenduzi Mukuru w’Igiporisi c’Uburundi, André NDAYAMBAJE akaba yabishikirije kuri uwu wa mbere, mw’itangazo ry’ivyavuye muri ico gikorwa c’ibihugu bihurikiye mu mashirahamwe EAPCCO yo muri Afrika y’ubuseruko na SARPCCO yo muri Afrika yo mu bumanuko, igikorwa cerekeye kugwaniriza hamwe ivyaha ndengambibe catunganijwe ku ncuro igira 4. Ico gikorwa ciswe "USALAMA 4".


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.