IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cafashe imiduka n’amapikipiki kivuga ko zokoze mu guhungabanya (...)

Igiporisi cafashe imiduka n’amapikipiki kivuga ko zokoze mu guhungabanya umutekano w’amatora

vendredi 11 mai 2018

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko izo modoka n’izo pikipiki nshasha zafatiwe mu nzu ya Hussein Bastena, umukenyezi w’umurwizatunga azwi kw’izina rya Ba Youssouf akorera mu gisagara ca Bujumbura, aho zari zimaze imyaka ishika indwi.

Pierre NKURIKIYE avuga ko.inyuma y’igikorwa c’abajejwe umutekano basanze ari iza Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, kandi zari zinjiye mu mwaka wa 2010, akiri umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, avuga ko amatohoza azobandanya kugira uwo bazosanga afise uruhara muri ivyo, ahagarikwe hanyuma ashikirizwe ubutungane.

Pierre NKURIKIYE avuga ko ahri izindi zitashitse mu Burundi, zaciye zija mu gihugu ca Sudani.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.