Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiporisi cerekanye abandi bagirizwa guhungabanya umutekano bakoresheje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye abandi bagirizwa guhungabanya umutekano bakoresheje (...)

Igiporisi cerekanye abandi bagirizwa guhungabanya umutekano bakoresheje imipanga

lundi 29 janvier 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE yavuze ko abafashwe muri Nkenga Busoro bafashwe igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ine n’itanu z’ijoro,muribo hakaba harimwo n’umukuru w’umutumba.

JPEG - 169.7 ko
Batatu bagirizwa gutegera abantu bakoresheje imipanga bafatiwe muri Nkenga- Busoro

Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko igiporisi cahagurutse kugira gituze ingeso yabo bita ba « rupanga » bamaze iminsi bavugwa ko bahagaritse umutekano, na cane cane mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

JPEG - 117 ko
Batatu bagirizwa gutegera abantu bakoresheje imipanga bafatiwe mu Kanyosha

Ku bijanye n’urudandazwa rw’abantu, Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko muri komine ya Mabanda hafatiwe abigeme 12 hamwe n’umusore w’imyaka 25 azwi kwizina rya Fabrice RUKUNDO, ari nawe yari atwaye abo bigeme, bakaba bari baciye muri Tanzaniya I Kigoma aho bociye batwarwa mu gihugu ca Omani.

JPEG - 64.5 ko
Abakobwa 11 bahagaritswe i Makamba bari bajanywe mu bihugu vy’abarabu

Nk’uko abandanya abimenyesha , umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, impapuro z’inzira 16 (Passeports)nazo zarafashwe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE arabeshuza amakuru avuga ko hoba hari ibiziga n’amaraso menshi vyibonekeza mu kiyaga Tanganyika ku mpande za Nyanza Lac na Rumonge, akavuga ko icibonekeza ari impunzi zibandanya kwibonekeza zihunga ingwano ziri mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.


BUKURU Pacifique

Messages

  • je mbona hari ikintu mukwiye kudufasha twebwe abanyagihugu kuko kutumenyesha amabi aba ariko arakorwa nivyiza cane ariko murarabe muhinyanyure bimwe bimwe kuko nkubu mugiye muratubwira ko uwakoze iki caha acahanwa ningingo iyi nkuko amategeko mpanavyaha abivuga nkeka bamwebamwe botinya kuza barinjira mubintazi murarabe mugikorereko muzoba mukoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.