Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye abandi bagirizwa guhungabanya umutekano bakoresheje (...)
Igiporisi cerekanye abandi bagirizwa guhungabanya umutekano bakoresheje imipanga
lundi 29 janvier 2018
Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE yavuze ko abafashwe muri Nkenga Busoro bafashwe igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ine n’itanu z’ijoro,muribo hakaba harimwo n’umukuru w’umutumba.
- Batatu bagirizwa gutegera abantu bakoresheje imipanga bafatiwe muri Nkenga- Busoro
Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko igiporisi cahagurutse kugira gituze ingeso yabo bita ba « rupanga » bamaze iminsi bavugwa ko bahagaritse umutekano, na cane cane mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
- Batatu bagirizwa gutegera abantu bakoresheje imipanga bafatiwe mu Kanyosha
Ku bijanye n’urudandazwa rw’abantu, Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko muri komine ya Mabanda hafatiwe abigeme 12 hamwe n’umusore w’imyaka 25 azwi kwizina rya Fabrice RUKUNDO, ari nawe yari atwaye abo bigeme, bakaba bari baciye muri Tanzaniya I Kigoma aho bociye batwarwa mu gihugu ca Omani.
- Abakobwa 11 bahagaritswe i Makamba bari bajanywe mu bihugu vy’abarabu
Nk’uko abandanya abimenyesha , umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, impapuro z’inzira 16 (Passeports)nazo zarafashwe.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE arabeshuza amakuru avuga ko hoba hari ibiziga n’amaraso menshi vyibonekeza mu kiyaga Tanganyika ku mpande za Nyanza Lac na Rumonge, akavuga ko icibonekeza ari impunzi zibandanya kwibonekeza zihunga ingwano ziri mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
BUKURU Pacifique
Messages
31 janvier 2018, 08:48, par emery emerusabe
je mbona hari ikintu mukwiye kudufasha twebwe abanyagihugu kuko kutumenyesha amabi aba ariko arakorwa nivyiza cane ariko murarabe muhinyanyure bimwe bimwe kuko nkubu mugiye muratubwira ko uwakoze iki caha acahanwa ningingo iyi nkuko amategeko mpanavyaha abivuga nkeka bamwebamwe botinya kuza barinjira mubintazi murarabe mugikorereko muzoba mukoze