Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye abantu 3 bagirizwa ubusuma bw’imodoka
Igiporisi cerekanye abantu 3 bagirizwa ubusuma bw’imodoka
mercredi 17 janvier 2018
Umuvuguzi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyeshako babiri ba mbere bafatiwe muri zone Ngaraga kw’isoko bita COTEBU bashaka kwiba imodoka yo mu bwoko bwa PRADO.
Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi avuga ko abo babiri bafatanywe n’urupfunguruzo rwugurura imodoka z’ubwoko zose kandi arirwo bakoresheje mu kwinjira muri iyo modoka.
Umusuma agira 3,uwo avugira igiporisi amenyesha ko yafatiwe muri karitiye ya 4 ya zone ya Ngagara, ariko agerageza kwatsa imodoka mu gihe abo barikumwe baciye biruka bamaze kubona igiporisi.
- Yafatiwe muri zone ya Ngagara ariko agerageza kwiba imodoka
Ibijanye n’uko abafatwa mu busuma nk’ubwo baca barekurwa,Pierre NKURIKIYE avuga ko ico kibazo kitobazwa igiporisi kuko iyo urwo rwego rubafashe rubakorera dosiye rugaca ruyirungika mu butungane.
Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko igiporisi cahagurukiye ico kibazo c’ubusuma c’imodoka kimaze imisi cibonekeza mu gisagara ca Bujumbura kugira gituzwe.
Hari haheze iminsi ine igiporisi cerekanye uwundi musuma w’imodoka,yafashwe yagirizwa kwiba imodoka zishika 6.
Vianney BIKORIMANA
Messages
17 janvier 2018, 15:31, par Ngenzirabona
None mubafukira iki mu maso ? abantu nkabo nabo gushengezwa kugira no hanyuma uwuzobabona amenye ko ari ibisuma.
17 janvier 2018, 21:33, par Léonidas Kanyemera
Abo Nibo Batumaze Ko Amagare Bayatwiba . Nibahanwe. Izo Ngegera Zishaka Ko Nguma Ngenda Namaguru .Abagumyabanga Turimaso. Pfunga Izo Zamujeri Agasaka Kimbwa Karahîye.