Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo co kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro kizokorwa kw’igenekerezo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo co kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro kizokorwa kw’igenekerezo (...)

Ikibazo co kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro kizokorwa kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi

lundi 21 mai 2018

Mu gihe kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Rusama 2018 ariho hatangura igikorwa co gutora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, Leopold HAVYARIMANA yavuze kandi ko ico kibazo kizokorerwa mu bibanza 1015 vyategekanijwe mu gihugu cose, kandi ko ivyigwa bitandatu arivyo abanyeshure bazokora.

Umunyamabanga ntayegayezwa, Leopold HAVYARIMANA, yamenyesheje ko ivyo vyigwa, ari igifaransa, ibiharuro, icongereza, igiswahiri, icigwa c’ubuhinga, n’icigwa co kwitunganiriza imirimo.

Leopold HAVYARIMANA ahamagarira abanyeshure kugumiza umutima mu nda, bakaguma bitegurira ikibazo, kizotorwa ku rutonde rw’ivyigwa bize.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.