IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Indinganizo ya kera y’inyigisho za kaminuza izohera n’umwaka wa (...)

Indinganizo ya kera y’inyigisho za kaminuza izohera n’umwaka wa 2017-2018

vendredi 1er juin 2018

Mw’itegeko umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gaspard BANYANKIMBONA, yashizeko umukono kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2018, uwo mushikiranganji amenyesha ko amashure ya kaminuza ategerzwa guhereza abanyeshure baciga mu ndinganizo yak era gushika mu ntango z’umwaka w’ishuri wa 2018 ushira uwa 2019.

Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, amenyesha kandi ko, harenze ico kiringo impapuro z’umutsindo canke izindi mpapuro zitangwa ku wize kaminuza zizofatwa nk’izidakwije ibisabwa, bikazotuma kandi zitemerwa mu bushikiranganji.

Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi amenyesha ko abiga inyigisho za kaminuza mu ndinganizo ya kera, bazocererwa bazoca bagengwa n’amategeko agenga indinganizo nshasha.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.