IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Intwazangabo mu giporisi zo mu karere k’uburengero zasiguriwe ubuzima (...)

Intwazangabo mu giporisi zo mu karere k’uburengero zasiguriwe ubuzima bw’ibisata bikuru vy’igihugu

Thursday 1 February 2018, by Jean De Dieu

Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko inama bagiraniye n’izo ntwazangabo zirongoye abandi murako karere bashimikiye ku bisata bizofasha abo baporisi kurangura neza imirimo yabo yo gucungera umutekano.

Uyo mushikiranganji w’umutekano yavuze kw’ibisata barabiye hamwe ari ibijanye na poritike, umutekano,ubutunzi hamwe n’imigenderanire.

Ibindi vyigiwe hamwe n’izo ntwazangabo n’ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro,ivyo guterera amatora yo mu mwaka wa 2020 hamwe n’ibijanye n’imico kama.

Umukuru w’igiporisi mu karere k’uburengero,Pascal BANDABE yamenyesheje ko akerere k’uburengero karanzwe n’umutekano mu kwezi kwa Nzero 2018 ariko hashoboye kw’ibonekeza ubugizi bwa nabi .

Bimwe mu vyashoboye gufatwa mu kwezi kwa Nzero 2018 mu karere k’uburengero ni nk’ibiro 143 vy’urumogi,inkoho zo mu bwoko bwa Karashinikove 2,ibisasu ntezwantoke 5,abantu 21 bafashwe badandaza ibiyayuramutwe.

Ibindi vyafashwe mu karere k’uburengero mu kwezi kwa mbere nk’uko vyashikirijwe n’uyo mukuru w’igiporisi mu karere k’uburengero n’ibitenge 182,amacupa ya magendu 20 hamwe n’abantu 40 bafashwe bari kunywa inzoga amasaha ataragera.

Iyo nama yabaye mu mwiherero w’intwazangabo gusa zo mu giporisi zikorera mu karere k’uburengero.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.