Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha: Abantu batatu barishwe barashwe muri Zone ya Muyira
Kanyosha: Abantu batatu barishwe barashwe muri Zone ya Muyira
lundi 16 Nzero 2017
Abagabo babiri n’umwana w’umuhungu w’imyaka 10 barishwe barashwe n’abantu batamenyekanye ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 14 Nzero 2017 ,ubwo bwicanyi bwabereye ku mutumba wa kavumu muri zone Muyira ya komine Kanyosha.
Amakuru ava mu bajejwe intwaro muri zone ya Muyira, amenyesha ko abo bishwe ari Vincent Nshimirimana , Serge Mpawenimana, hamwe n’umwana w’umuhungu w’imyaka 10 Oscar Nsengiyumva.
Ayo makuru amenyesha ko bishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro zirenga iminota mikeyi, baraswa urudavagi rw’amasasu n’abantu babategereye mu mayira abiri ari ku Mutumba wa Kavumu ahitwa Jimbi.
Mu miryango itatu iturukamwo abo bishwe, bavuga ko gushika ubu batazi icatumye ababo bicwa,kuko ataco bazi bari bagirizwa kuri uwo mutumba,kandi hari haheze igihe ku mutumba wa Kavumu hari agahengwe.
Abanyagihugu baba ah ku mutumba wa Kavumu basaba abajejwe umutekan kubakingira, bagasaba kandi ko gukura ibigwanisho mu bantu babitunze batabifitiye uburenganzira vyobandanya, kuko vyibonekeza ko bikiriho kandi ari vyinshi.
Umukuru wa Zone Muyira avuga ko amatohoza yamaze gutangura kur’ubwo bwicanyi agasaba abo arongoye kuguma barikanuye, bakadoma urutoke kuri ico cose babonye gifise intumbero yo guhungabanya umutekano.
Abantu batandatu bamaze guhagarikwa na kmiseri w’igipolisi mu ntara ya Bujumbura ku mvo z’amatohoza kur’urwo rupfu rw’abantu batatu.
Abo mu miryango yabo bakavuga ko boba bahagaritswe kubera ari abayoboke ba Agathon Rwasa.
IGIHE
Messages
16 Nzero 2017, 08:56, par BIZIMANA,
EMWE,NIHATARI,NARINZIKO,IVYO,TWABISEZEREYE,NONE,INZEGO,ZUMUTEKANO,ZIKORA,IKI,
16 Nzero 2017, 12:23, par Isaïe
Ebagabo Nibahebe Ubwobwicanyi
17 Nzero 2017, 12:08, par Hafashimana
Mbega Yemwe Uburundi Buragowe!!!
18 Nzero 2017, 04:10, par Ntakirutimana Joel
Turahojeje imiryango yabuze ababo bihangane, ivyo vyose biharurwa kugatwe kareta iriho unomusi, kuko yagiye gukwiragiza ibirwanisho mubavyagihugu ataho vyabonetse! ariko unomusi, uhura nimbonerakure ihekereye inkoho kurutugu,abaye adafise inkoho nigerenande, none bizoreka gukoribara?. Icabanyagihugu basaba kirumvikana nibabakuremwo ivyobirwasho bagiye kubarundamwo,ibirwanisho nivyo mumakambi yigisirikare.
18 Nzero 2017, 13:59, par Peace And Love Burundi
Mana Tabara Abarundi Turarushe