Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Umukozi wo mu nzu yarashwe n’umuporisi ahejeje kumukubita
Kanyosha : Umukozi wo mu nzu yarashwe n’umuporisi ahejeje kumukubita
lundi 2 avril 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko vyose vyatanguye nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro, muri Quartier Musama ya Gatanu, muri zone Kanyosha,aho umuporisi yahamagarwa kugira atabare uwitwa Mohamed Maulidi yariko arwana n’uwo mukozi wo mu nzu.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko, uwo mu porisi amaze kurwanywa gushika ku rugero rwo gushaka kwicwa,yahavuye afata ingingo yo kwirwanira.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko mu kwirwanira, uwo muporisi yahavuye arasa NIYOKWIZIGIRA Chadrack mu bitugu, aca rakomereka.
MUGISHA Van Naris
Messages
8 avril 2018, 06:04, par Nimbeshaho Emery
Andika hano.Uwo Muporisi Nawene Yaraciye Mumakosa Kuko Yarihaniye Kand Ariwe Yari Kubatunganiriza.