Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi: Umwe yapfuye 50 barakomereka baturiwe n’igitoro
Karusi: Umwe yapfuye 50 barakomereka baturiwe n’igitoro
mercredi 11 Gitugutu 2017
Amakuru ava aho mu Kigarama amenyesha ko iyo modoka yatembagaye abanyagihugu baca baja kuvoma igitoro, ariko ica ifatwa n’umuriro irasha ari naho abo bari baje kuvoma ico gitoro bahiriye.
Musitanteri wa komine Shombo Pierre Claver KANTAZI aremeza ayo makuru, akamenyesha ko bamwe mu bakomeretse baciye bajanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi abandi batwarwa kw’ivuriro ritoya ry’i Nyabibuye.
Buramatari w’intara ya Karusi Calinie MBARUSHIMANA amenyesha ko bamwe mu bakomeretse bajanywe mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE aremeza ayo makuru, akamenyesha ko umuntu umwe yapfuye , 50 barakomereka, mur’abo 15 bakaba bababaye cane.
MUGISHA Van Naris