IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Abagabo babiri bafashwe bariko biba amafaranga Musitanteri wa (...)

Kayanza : Abagabo babiri bafashwe bariko biba amafaranga Musitanteri wa Kirundo aheruka kwitaba Imana

jeudi 12 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bafashwe n’igiporisi ni umwarimu wo kw’ishure shingiro ry’i Gatara mu ntara ya Kayanza azwi kw’izina rya MANARIYO Richard, hamwe n’umufundi abarira ibirato aho nyene mu Kayanza. Bompi bafashwe n’igiporisi bariko bagerageza kwiba amafaranga mu bubiko bwa BCB kuri konte ya Musitanteri wa Komine Kirundo aheruka kwitaba Imana mw’isanganya ryabereye aho mu Kayanza. Mu kwiba ayo mafaranga y’umuhisi MISAGO Stany Musitanteri wa komine Kirundo, abo bagabo bakoresheje agakarata SESAME gakoreshwa mu kubikuza amafaranga.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi arasigura ingene abagirizwa ico caha baronse ako gakarata, umusi uwo Musitanteri ahitanwa n’isanganya kw’igenekerezo rya 8 Gitugutu 2017.

"Uwo mwarimu ari mu baciye bamusopa, bamukuramwo agakarata bita SESAME atari bwanafute inomero zishobora gufasha gutora amafaranga muri ubwo bubiko. Niko rero uwo mwarimu ari kumwe n’uwo abarira ibirato yaciye agenda arakoresha kuri iyo konte y’uwo muhisi."

Abo bagabo babiri bakaba bari bamaze gukura kuri ubwo bubiko amafaranga agera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi bavuga kandi ko abagirizwa ico caha bafashe mu gihe umwe muribo, uwo abarira ibirato, yari aje kubikuza ayandi mafaranga kuri uwu wa gatatu, aca arafatwa, akaba ari nawe yaciye avuga mugenzi we bakoranye ubwo busuma.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.