IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza: Abantu cumi n’umwe bahagaritswe n’igipolisi

Kayanza: Abantu cumi n’umwe bahagaritswe n’igipolisi

jeudi 29 Kigarama 2016

Abantu icumi n’umwe bahagaritswe mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Kigarama mu ntara ya Kayanza,mu gihe bariko bagerageza kujabuka urubibe baja mu gihugu c’Ubuganda.

Nkuko biri ku rubuga rwa Twitter kwa Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi, abo bantu bafashwe bagizwe n’abantu icumi bari bagiye mu gihugu ca Oman baciye mu gihugu c’Ubuganda ku murwa mukuru Kampala, hamwe n’umwe yari abajanye.

Abicishije kuri urwo rubuga rwa Twitter, Pierre Nkurikiye amenyesha ko abo bafashwe bari mu modoka y’ubwoko bwa bus, kandi ko bari bagiye nkabagurishijwe.

Mwomenya ko abo bigemne bose uko bari icumi babajijwe bavuze ko bagiye mu gihugu ca Oman gukora akazi.


igihe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.