Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Imiriyoni zirenga 8 zibwe mw’ishirahamwe ryo kuziganya (...)
Kayanza : Imiriyoni zirenga 8 zibwe mw’ishirahamwe ryo kuziganya UCODE
vendredi 6 avril 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko ayo mafaranga yibwe angana n’imiriyoni umunani n’ibihumbi ijana na mirongo ibiri n’indwi y’amarundi (8127000 fbu).
Ayo makuru, amenyesha ko abo bantu bataramenyekana bivye aho kuri UCODE, ku mutumba Muhanga nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, baca biba kandi imashini nyabwonko imwe hamwe na terefone ngendanwa.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abantu batatu harimwo n’umunyabigega wa UCODE aho i Muhanga, bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.
MUGISHA Van Naris