Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza: Umunywanyi wa FNL irongowe na Agathon Rwasa yakomerekejwe
Kayanza: Umunywanyi wa FNL irongowe na Agathon Rwasa yakomerekejwe
mercredi 15 Ntwarante 2017
Umunywanyi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon yarakomeretse atemaguwe n’imipanga mw’ijoro ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017 ku mutumba Nyabibuye ,uri muri komine Butaganzwa ,intara ya Kayanza.
Amakuru ava aho ku mutumba wa Nyabibuye ,amenyesha ko hari igihe c’isaha zibiri n’igice zishira isaha zitatu,igihe umuntu ataramenyekana yategera Salvator Nzobonimpa ariko arataha ku muhana iwe.
Ayo makuru nyene amenyesha ko uwategereye Salvator Nzobonimpa yamukubise akoresheje umupanga ivyatumye akomereka, gushika aho ajanwa kw’ivuriro.
Ayo makuru aremezwa n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano muri komine ya Butaganzwa, bakamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira bameneye uwakoze ubwo bubisha.
IGIHE
Messages
15 Ntwarante 2017, 18:39, par Félix Muhire
None twoca twemeza ko yazize ko ur’umunywanyi wa FNL ya Rwasa. Izo ngereka ndondozi mushira ku mazina y’abantu ni mbi cane. Ko amatohoza ataco arerekana, mwari mukwiye kuvuga ko yakometekejwe numugizi wa nabi gusa. Twe tubona ko muriko muradukangurira kwumva ko abayoboke ba Rwasa Agathon babangamiwe mu Burundi. Ariko siko biri. Abantu bashobora kugwa mu mutego w’umwansi batawuteguye, bitavuye ku mugambwe barimwo. Burya mwebwe abamenyeshamakuru mumeze nk’abahinga mu kubarira imyambaro. Murazi ukuntu mutabagura ibitambara mukamenya no kubitetanya. Ariko rero hariho ivyo muzoteranya bikabagora. Murantunga.
15 Ntwarante 2017, 20:53, par Niyongabo
Abaciyunvira Ubwinyi Bakwiye Kwikebuka Mbe Wishe Umuntu Kandi Nawe Uzopfa Ntabwoba Wumva Abarundi Mukwiye Kwihana
15 Ntwarante 2017, 21:55, par Cv
Imana Nitabare Uburundi Nabarundi! Ntakuryana Nkibikoko! NiBikebuke BIHANE "ITARAZA KWIMARA ISHAVU NKI SODOMU NA GOMORA BAMAZWE NUMURIRO KUBWO KUTUMVIRA"
16 Ntwarante 2017, 18:41, par Revolutionaire
Mubisanzwe Muhire( Pardon Nimbufisuruhara Murubwobugizi Bwanabi),kuvuga Ivyashikiyumuntu Ukavuga Namabangajejwe Ntacobitwaye. Ahubwo Ngmwikebuke
17 Ntwarante 2017, 22:16, par fnl
birababaje
17 Ntwarante 2017, 23:44, par Wasafi
Ubwicany Harabant babugiz Umwuga