Accueil > Amakuru > umutekano > Kibenga : Umuntu bivugwa ko ari umusuma yarashwe n’abaporisi
Kibenga : Umuntu bivugwa ko ari umusuma yarashwe n’abaporisi
jeudi 13 Ndamukiza 2017, par
Umuntu umwe yishwe muri karitiye ya Kibenga bita rural, uwo yishwe akaba yahitanwe n’amasasu y’abaporisi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ari umusuma ari mu murwi w’abibisha imipanga mw’ijoro muri iyo karitiye.
Ayo masasu yarashwe n’abaporisi mu Kibenga, mu gihe bariko bakurikirana abo basuma batatu bitwaje imipanga, nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.
Uwo avugira igiporisi yamenyesheje ko uwishwe azwi kw’izina rya Regis, yahora aba aho nyene mu Kigenga, akaba ariko yari yimukiye mu Kamenge.
"Yari mu baheruka kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, akaba yari kumwe n’abandi basuma babiri baje kwiba n’imipanga. Bahora bategera abantu kugira babibe.", uko niko umuvugizi w’igiporisi yabishikirije.
Mu giporisi basaba abanyagihugu ko boza baratanga amakuru ku bajejwe umutekano kugira iyo mirwi y’abasuma ituzwe.
IGIHE
Messages
13 Ndamukiza 2017, 14:41, par Cobla
Murabo Baducitse Birutse Amatwi Asumira Ngo Harimwo Wakera.
13 Ndamukiza 2017, 14:41, par Cobla
Murabo Baducitse Birutse Amatwi Asumira Ngo Harimwo Wakera.
13 Ndamukiza 2017, 16:10, par josué
Abobirutse Nabonyene Bazofatwa
13 Ndamukiza 2017, 18:00, par Turaje
Ya ntagondwa Sans echec mujeri(WAKERA) nawe ngo yoba ari murabo basuma.
13 Ndamukiza 2017, 23:42, par FELIX MUHIRE
Wakera birazwi kw’ari igisuma komvyo. Ariko nawe azofatwa. Imisi y’igisuma ni quarante.
14 Ndamukiza 2017, 05:54, par NDAYIZEYE.GERARD
UWOMUSUMA,YIBISHA UMUPANGA MWARAMUMENYE.NUMURYANGOWIWE MWARAWUMENYE.?
15 Ndamukiza 2017, 19:28, par muyinga gasorwe
Bose bazofatwa kuko ntamumusuma wubu atar,umwicanyi baramenyako ivyobiba vyaheze ahubwo bokura amaboko mumifuko bagakora
15 Ndamukiza 2017, 20:45, par Wakera
Izo n’imbonerakure zicanye zipfuye ivyo zari zigiye gusahura
16 Ndamukiza 2017, 17:22, par Pontien Kabaveng
Tuza Izo Ntarima Zituma Tuguma Mu nzara.Ingero Yicaha N’urupfu!
18 Ndamukiza 2017, 18:13, par Nzeyimana John
Izonizambonerakure zahawe ibipanga ninkoho zokuzomarisha abenigihugu.