Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinama : Bamwe mu bahora badandariza mw’isoko baridoga ko batahawe ibibanza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Kinama : Bamwe mu bahora badandariza mw’isoko baridoga ko batahawe ibibanza (...)

Kinama : Bamwe mu bahora badandariza mw’isoko baridoga ko batahawe ibibanza mw’isoko nshasha

mercredi 3 janvier 2018

Ivyo babishikirije inyuma yaho ejo ku musi wa kabiri igenekererzo rya 2 Nzero 2018,umugwi ujejwe gusubiza abadandaza mu masoko bahoramwo umanitse intonde z’abaronkejwe ibibanza mw’isoko zasubiwemwo.

Umukuru w’isoko yo mu Kinama,Jackson TUYISABA avuga ko ashima igikorwa cakozwe n’umugwi ubijejwe, kuko ata bibazo barumva birimwo ,kiretse abadandaza baheruka kudandandariza mur’iyo soko mu mwaka ya 2010 , 2012,2013 na 2014 baza bavuga ko ari abadandaza, kandi haciye imyaka myinshi batadandaza bitwaje inyandiko za kera.

Jackson TUYISABE avuga ko abo badandaza bo mur’iyo myaka baje guteza ibibazo inyuma yo kubona isoko itunganye.

Ku vyerekeye abadandaza bahora bariha ku gihe amafaranga mu gisagara ca Bujumbura ariko batisanze ku ntonde,Jackson TUYISABE arasigura imvo yatumye batisanga kuri izo ntonde.

’’Itangazo ry’umurwi ujejwe gusubiza abadandaza mu bibanza riratomora neza ko abadandaza bafise ikibazo canke ivyo babaza ,basabwa kwandikira uyo murwi, akavuga ikibazo afise agatanga n’ifishe yiwe bitarenze igenekerezo rya 19 nzero 2018.’’

Umukuru w’isoko yo mu Kinama avuga ko bavuye mur’iyo soko bafise ibibanza 2027 ariko ubu ntavuga neza ibibanza bafise uko bingana inyuma yaho isoko isubiwemwo.

Abahinduriwe ibibanza bagashirwa mu bindi, nk’uwudandaza impuzu yisanze mu bibanza bidandarizwamwo nk’amafi,Jackson TUYISABE aremeza ko umugwi ujejwe gusubiza abadandaza mw’isoko uzotunganya ivyo bibazo ariko babanje kwandikira umurwi ubijejwe.

Bitegekanijwe ko kugira umudandaza yinjire mu kibanza yaronkejwe, azobanza kwerekana ifishe yiwe kandi adaheranye amahera atangwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe no kwubaka ivyo bibanza mu vyuma, mu kiringo kitarenze ukwezi kumwe gusa.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.