Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo : Umugabo yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana
Kinindo : Umugabo yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana
mardi 13 février 2018
Uwo mugabo yishwe yitwa UWIMANA Jean, akaba yishwe arashwe nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro, buca ari kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2018, muri quartier ya Kabondo, muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwarashe UWIMANA Jean bari kumwe mu modoka yiwe.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.
MUGISHA Van Naris