Home > Amakuru > umutekano > Kirundo: Abantu 200 birukanywe mu Rwanda
Kirundo: Abantu 200 birukanywe mu Rwanda
Friday 6 July 2018, by
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bantu baciye barungikwa mu mihana yabo ariko 25 bagizwe n’urwaruka bakiri mu minwe y’igiporisi c’inyamiramabi mu ntara ya Kirundo kugira bamenye umwidondoro wabo.
Ayo makuru amenyeshako abantu 57 bava muri komine Busoni,42 muri komine Bugabira,26 muri komine Kirundo,10 muri komine Bwambarangwe ,4 muri komine Ntega,6 bo muri komine Gitobe,6 muri komine Vumbi.
Abandi 45 nabo mu ntara ya Muyinga,umwe wo mu ntara ya Ngozi,2 bava i Karusi hamwe n’umwe wo mu ntara ya Cankuzo.
Abo bantu birukanywe mu gihe haciye umusi umwe hari abarundi 16 birukanywe murico gihugu nyene.

Vianney BIKORIMANA
Forum posts
7 July 2018, 07:14, by cedrick
Andika hano BIRUKANTWE KUBE RA IKI ? MURAKOZE!
7 July 2018, 20:29, by lg
niba badafite ibimerera kuba mu Rwanda ni basubire iwabo none se ikibazo nikihe! !
8 July 2018, 14:42, by Khaji Rurindije
Kaze Banya Muyinga Biwacu Tubane Muma Horo Ahubwo Vyasabwa Nabari Muri Tanzanie Vyase Ko Bataha Ko Birukanwa Nkabo Nyene