Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umuhungu yishe umwana wiwe amuhaye umuti wica imbeba
Kirundo : Umuhungu yishe umwana wiwe amuhaye umuti wica imbeba
mercredi 7 février 2018
Abo bahungu babiri ni MANIRAKIZA Ezechiel se w’umwana yahawe umuti wica imbeba, hamwe n’umuhungu azwi kw’izina rya HARIMENSHI yagirizwa kwosha MANIRAKIZA Ezechiel, ngo yice umwana wiwe azwi kw’izina rya Jean Marie NDAYIRAGIJE w’umwaka umwe n’amezi atandatu.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,MANIRAKIZA Ezechiel yafashwe kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma, afatirwa ku mutumba Rugasa, wa komine Bugabira, intara ya Kirundo.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uko ari babiri bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi, bakaba bariko barumvirizwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
7 février 2018, 10:29, par bizimana
Uwomuntu yarakwiye guhanwa vyakarorero kuko natahanwa nabandi bazovamwo babikora ariko kandi ibintu biri kubera kubutaka bwuburundi numuvumo kuko ntamuntu nkivyo vyigeze bibaho iryo nibara kumutemere nukuri abarundi twaridukwiye kwikebuka kuko ibihe turimwo nivyo dukora nibara imbere y’IMANA yaturemye