Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umuntu avuye mu Rwanda yafashwe ku mvo z’amatohoza
Kirundo : Umuntu avuye mu Rwanda yafashwe ku mvo z’amatohoza
jeudi 1er Ruheshi 2017, par
Uwo yafashwe azwi kw’izina rya Ntunzwenimana Gilbert, akaba yafatiwe mu ntara ya Kirundo, ku rubibe rwa Gasenyi.
Uwo yafashwe avuye mu Rwanda avuka muri komine Bugabira intara ya Kirundo, akaba yari afise amafaranga agizwe n’inoti z’ijana agera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani, hamwe n’ayandi agera ku bihumbi amajana atanu na mirongo ine agizwe n’inoti z’ibihumbi cumi, nk’uko bimenyeshwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.
Uwafatanwe ayo mafaranga yemeza ko yayavunjishije i Nyabugogo mu gihugu c’Urwanda.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo muntu yafashwe ku mvo z’amatohoza.
Egide NDUWIMANA
Messages
1er Ruheshi 2017, 12:10, par ndayizanba emmanuel
jewe ico mbona nuko bomugumya kugira bamubaza akazi ajejwe aha muburundi kotuma avunjisha inoti zijanajana nkizo zos ahubwo nkuy usanga ari muri bamwe bikika mukiza bago kwica umutekano wigihugu amahera nkayo ntagendanwa kirazir
1er Ruheshi 2017, 13:21, par Gilbert mwanza
Yayayaaaa biragiye kweriiiiiiiii!!!!! Agatima ariko.
1er Ruheshi 2017, 15:01, par EPIMICXI
None Murwanda Barafise Bank Isohor Inoti Zuburund Non Ho Komwamufashe Ayao Mafaranga Mwayamwatse Canke Mwamurets Arayashikana Mumuryang Mutohoz Mumenye Ukur Hama Muce Urubanza Rukwiy Ntimuc Rwangond Gond Kand Mugasang Arukuri Mumuh Iyonoti Yiwe Ayikoreshe Umugambi Ateze Imbere Umuryang Ndetse Nigihugu Murakoz
1er Ruheshi 2017, 20:32, par Peter
Muratohoz Neza Ko Arutwo Yikorere Mumusubize Utwiwe.Musanz Aramibano Asubizw Banyeneyo.