IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umuntu umwe yakomerekejwe na Gerenade

Kirundo : Umuntu umwe yakomerekejwe na Gerenade

jeudi 8 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuntu umwe yakomerekejwe n’igisasu ntezwaminwe (Grenade) yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, muri komine Busoni, mu ntara ya Kirundo. Abantu babiri bafashwe ku mvo z’amatohoza.

Ico gisasu (Grenade) catewe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, mu nzu y’ubudandaji (Kiosque) iri aho muri komine Busoni. Umuntu umwe yariko aradandariza muri iyo nzu yarakomeretse, akaba ariko arivuza. Iyo nzu y’ubudandaji yaciye isha.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abantu babiri bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Iyo gerenade igize kabiri itewe kuri iyo nzu nyene y’ubudandaji, mu kiringo c’amezi ane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.