IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umuporisi w’Uburundi yarashe abagabo babiri

Kirundo : Umuporisi w’Uburundi yarashe abagabo babiri

vendredi 1er Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo barashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kane ni BIGIRIMANA w’imyaka 34 hamwe na NDEREYIMANA w’imyaka 36, bakaba bakomeretse bikomeye muri ayo masasu barashwe n’umuporisi w’igihugu c’Uburundi. Uwo muporisi yaciye ahunga, n’inkoho yiwe akaba yarayisize. Mu giporisi bavuga ko batanguye kumurondeza.

Uwundi mugabo wo mu ntara ya Ngozi azwi kw’izina rya MIBURO Melchior yatowe ikiziga mu kinogo kiri ku musozi Runda, komine Marangara, mu ntara ya Ngozi. Ico kiziga cari mu kinogo cabonwe ubwa mbere n’abanyagihugu nk’igihe c’isaha zitanu z’umurango, kuri uwu wa kane. Mu giporisi bavuga ko bataramenya abishe bongera bahamba uwo mugabo.

Umwana yakomerekejwe na Gerenade mu ntara ya Muyinga

Urugo rw’umupfasoni yitwa HABIMANA Sabine wo ku musozi Bunywana, muri komine Buhinyuza, intara ya Muyinga rwatewe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro.

Abo bantu bateye gerenade muri iyo nzu ya HABIMANA Sabina, bayicishije mw’idirisha. Iyo gerenade yatewe yakomerekeje ku mutwe umwana azwi kw’izina rya NDIHOKUBWAYO Anotiathe, akaba ariko avurirwa kw’ivuriro ry’i Nyarunazi.

Ruyigi : Umuyangayanga yishwe aciwe umutwe

Umugabo azwi kw’izina rya Ciza Abel w’imyaka 48 yishwe aciwe umutwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane ku musozi Kiyabu, zone Muriza, komine Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi.

Mu giporisi bavuga ko uwo mugabo yari asanzwe akora akazi k’ubuyangayanga yishwe aciwe umutwe na bagenzi we basangiye umwuga bashaka kumwiba amafaranga yari yagurishije inka.

Mu giporisi bamenyesha ko abagabo batatu bari kumwe mu bunywero basangira bafashwe ku mvo z’amatohoza.

Abo bafashwe inyuma y’iyicwa ry’uwo mugabo ni : NUWIMANA Nicolas, NTIRAMPEBA Isaïe hamwe na HARERIMANA Méthode. Bose bava ku musozi Nyaburondwe, komine Butaganzwa, iyo ntara ya Ruyigi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.