Home > Amakuru > umutekano > Mairie –Buterere : Akarwi k’abanyeshure 7 bugaranye umuyobozi wabo mu (...)
Mairie –Buterere : Akarwi k’abanyeshure 7 bugaranye umuyobozi wabo mu biro
Monday 24 September 2018, by
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza ,Pierre NKURIKIYE avuga ko abo banyeshure uko ari 7 bugaranye uyo muyobozi bongera bamwaka iterefone ngendanwa yiwe.
Ayo makuru avuga ko abo banyeshure basaba ko bashirirwa umukono ku mpapuro zabo kandi batamenye.
Uyo muvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga kandi ko abo banyeshure uko ari 7 bari imbere y’inyamirabamabi.
Abo banyeshure uko ari 7 ni Epson NIYONKURU,Yvette NSAVYUMUKAMA,Lidine MUKECURU,Oda NZEYIMANA,Marie Louise NDAYIKEZA hamwe na Francoise NUKURI.
IGIHE
Forum posts
1 October 2018, 16:18, by Dumbuli
iyi nyifato y’aba banyeshure sivyo kandi hagwiriye ko abigeme yewe! bakwiriye ibihano bakigishwa ko urupapuro rw’umutsindo yarusinya bobikoreye bakamenya atari gusa canke ku nguvu z’igitugu bitari ivyo bazohanwa birukanwe bazosaze batamenye.
11 October 2018, 15:00, by Niyonkuru Juma
Abo Banyeshure Bakwiye Kuja Imbere Yabacamanza Bagashengezwa