Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Igiporisi cahagaritse abakobwa 12 bari bajanywe mu bihugu (...)
Makamba : Igiporisi cahagaritse abakobwa 12 bari bajanywe mu bihugu vy’abarabu
lundi 29 janvier 2018
Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abo bigeme bafashwe, bari kumwe n’umugore n’umugabo ari nabo bari babajanye, babacanye mu gihugu ca Tanzaniya.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bavuye mu gihugu ca Tanzaniya, bari guca bajanwa mu gihugu ca Kenya, kugira babandanye mu gihugu ca Oman.
Ayo makuru nyene y’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko impapuro z’inzira zabo icumi na zitandatu, zikiri nshasha nazo nyene zafashwe.
MUGISHA Van Naris