IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Moussa Nsabimana yahora akoresha imodoka yunguruza abantu yishwe

Moussa Nsabimana yahora akoresha imodoka yunguruza abantu yishwe

lundi 13 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuntu umwe yarishwe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana kw’ibarabara Muyinga-Ngozi. N’imodoka yari afise yo mu bwoko bwa "Probox" yaribwe.

Uwo yishwe azwi kw’izina rya Moussa Nsabimana, akaba yahora akoresha imodoka yunguruza abantu (Taxi).

Mu giporisi bavuga ko ubwo bwicanyi bwoba bufitaniye isano n’ubusuma, aho aka ari mu gihe uwari kumwe n’uwo yishwe ataco bamugize.

Amatohoza yamaze gutangura nk’uko mu giporisi babivuga, umuntu umwe yikekwa akaba yafashwe.


IGIHE

Messages

  • Ubusuma nabado bugiye kwongerekana kubera ibirwanisho vyakwiragijwe na reta mubanyagihugu, kubwivyo ntawuzosonzana inkoho munzu, canke rwayikenane, ico ntikibaho.

  • UWO BARIKUMWE ARIMWO ABIFISEMWO URUHARA!

  • Turahojeje umuryango wabuze uwabo ntakundi bihangane, nkakebura abagendesha imiduga yokwunguruza abantu canke izogusohokamwe nimiryango, hagezaho kwiga ubwenge bujanye nibihe igihugu cacu kigezemwo, atigute? hariho akuma nubwo kazivye cane,ushobora kugashira mumodoka yawe, igihe ufashe urugendo gashobora kukumenyesha komunzira hamezeneza canke kwatamutekano uhari bishobotse ugahindura inzira waruciyomwo. Hasazwe hariho isimu zikorana na setarite nazonyene zirafasha kukumenyesha ahumwasi atumbereye, nimba waronse amahera yokugura umuduga gerageza urondere akokantu bizogufasha, ahobuboneka, dubayi, na Marekani gerageza utume abasazwe bajayo. murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.