Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Mugina: Musitanteri avuga ko imigambwe ibanye neza muriyo komine
Mugina: Musitanteri avuga ko imigambwe ibanye neza muriyo komine
Thursday 9 August 2018, by
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Jovithe BAYAVUGE yamenyesheje ko abanywanyi b’imigambwe itandukanye muri komine arongoye babanye neza atavyo gushwamirana hagati y’abo bihari kandi imitumba yiyo komine ihana urubibe n’igihugu c’Urwanda nayo nyene irimwo umutekano.
Jovithe BAYAVUGE avuga ko bafise abajejwe umutenako bakwiye haba hagati muri komine arogoye canke ku mbibe iyo komine uhana n’Urwanda ariko kumvo z’umutekano ata bantu bahanahana ibidandazwa nabo mu Rwanda.
Jovithe BAYAVUGE yavuze ati:“Ku mvo z’umutekano nta bantu bahanahana ibidandazwa nabo mu Rwanda ariko nta wubuza imigenderanire biciye mu nzira zizwi.”
Uyo arongoye komine ya Mugina atera akamo abanyagihugu biyo komine gukunda ibikorwa,gufatana mu nda hamwe no kubumbatira umutekano n’amahoro.
IGIHE