Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya: Abantu batanu bakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka
Muramvya: Abantu batanu bakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka
vendredi 14 Mukakaro 2017
Amakuru ava aho mu ntara ya Muramvya,amenyesha ko iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha icumi n’igice zo kuri uno wa kane, aho imodoka yo mu bwoko bwa Hiace yata ibarabara ica itembagarira mu manga.
Mu giporiri baremeza ayo makuru, umuvugizi w’igiporisi abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi yamenyesheje ko iryo sanganya ryavuye ku buhinga bwo guhagarika imodoka butakora neza.
Abakoemerekeye muri iryo sanganya baciye bajanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Muramvya.
MUGISHA Van Naris