IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Abanyororo batatu bakomerekeye mw’ibohero

Muramvya : Abanyororo batatu bakomerekeye mw’ibohero

vendredi 23 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyororo bagera kuri batatu nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye mw’ibohero ry’i Muramvya, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu mishamirano yabaye muri iryo bohero hagati y’abaporisi n’abanyororo.

Amakuru ava aho mw’ibohero rya Muramvya avuga ko abaporisi benshi barongoye n’umukuru w’igiporisi muri iyo ntara hamwe n’uwutwara igendereza bazindutse gusaka muri iryo bohero. Nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo bari bashitse.

Ayo makuru avuga ko abo banyororo banse ko ico gikorwa c’ugusaka kiba, kuko bavuga ko iyo kibaye basahurwa ibintu vyabo. Habaye ugushamirana hagati y’abanyororo hamwe n’abaporisi bari bamaze kwinjira muri iryo bohero. Abaporisi barashe amasasu hejuru y’ugushwiragiza abanyororo, hamwe n’ivyuka bikoroza amosozi vyatewe.

Umuyobozi w’iryo bohero yamenyesheje ko iryo ryahavuye riba, abaporisi bakaba bafashe amaterefone, impuzu hamwe n’ibirato vy’igiporisi. Uwo muyobozi akavuga ko ibintu bikoresho abanyororo batashatse ko bifatwa n’igiporisi baciye babiturira bonyene, muri iryo bohero

Mu gihe hari amakuru avuga ko hari banyororo bagera kuri batatu bamaze kumenyekana ko aribo bakomerekeye muri iryo bohero, umuyobozi waryo arabihakana, akamenyesha ahubwo ko ari abaprisi babiri bakomerekejwe n’amabuye yatewe n’abanyororo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.