IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Igiporisi cahagaritse abakobwa batandatu bari bajanywe mu gihugu (...)

Muramvya : Igiporisi cahagaritse abakobwa batandatu bari bajanywe mu gihugu ca Oman

mardi 30 janvier 2018

Amakuru dukura ku rubuga rwa Twitter rw’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abo bakobwa uko ari batandatu, bahagaritswe bageze i Bugarama, mu ntara ya Muramvya, mu modoka yunguruza abantu y’ishirahamwe Volcano.

Ayo makuru nyene, nk’uko yemezwa n’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko bari batwawe n’umugabo akora urudandazwa rw’abantu abajana mu gihugu ca Oman, akaba yari abacanye mu ntara ya Muyinga, kugira bace bajabuka mu gihugu ca Tanzaniya, gutyo babandanya urugendo.

JPEG - 129.1 ko
Abakobwa bafatiwe i Bugarama, bajanywe mu gihugu ca Oman

Ku munsi w’Imana, igiporisi c’Uburundi cari cafashe abakobwa 12, muri komine ya Mabanda, intara ya Makamba, bari kumwe n’umugabo n’umugore bari babatwaye mu rudandazwa rw’abantu.

Igiporisi c’Uburundi, camenyesheje ko bafatiwe mu modoka zibiri zunguruza abantu, bafise impapuro z’inzira 16 zose zishasha, bakaba bari guca mu gihugu ca Tanzaniya, bakabandanya mu gihugu ca Kenya, imbere y’uko bajanwa mu gihugu ca Oman.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.