Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga-Kinanira 4 : Igisirikare n’igiporisi vyazindukiye mu bikorwa vyo (...)
Musaga-Kinanira 4 : Igisirikare n’igiporisi vyazindukiye mu bikorwa vyo gusaka
mardi 14 Ruhuhuma 2017
Abasirikare bari kumwe n’abapolisi bazindutse mu gikorwa co gusaka muri quartier ya Kinanira ya 4 ,iri muri Zone ya Musaga, Komine Mukaza , mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru ava aho ku musaga amenyesha ko ico gikorwa cakozwe mu mihana myinshi yo ngaho ku Musaga, cakozwe n’abasirikare benshi bari kumwe n’abapolisi,mu gihe vyari bimenyerewe ko ico gikorwa gikorwa n’abapolisi gusa.
Ayo makuru nyene amenyesha ko ico gikorwa co gusaka cakozwe mu buryo butari bumenyerewe, kuko cabaye kandi mu mazu y’abasirikare bafise amapete akomeye mu gihugu, nk’aba generaux.
Mwomenya ko hari haheze indwi, igikorwa nk’ico kibaye muri iyo zone nyene ya Musaga, muri Quartier ya Kinanira 2.
IGIHE