Accueil > Amakuru > umutekano > Mutimbuzi-Buterere : Inzu 21 zabomowe n’imvura
Mutimbuzi-Buterere : Inzu 21 zabomowe n’imvura
samedi 20 janvier 2018
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko inzu indwi zabomotse ku mutumba Kinyinya1, izindi nzu 7 zibomoka ku mutumba wa Kinyinya3, mu gihe inzu zibiri zabomotse ku mutumba Kinyinya2.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko muri iyo mvura nyene igiti c’amatara cahenutse, muri quartier ya Kajaga.
Iyo mvura nyene yaguye mw’ijoro yarabomoye inzu 5 muri quartier ya Buterere 2B, mu gihe aho nyene igiti c’amatara cahenutse, muri Quartier Buterere ya mbere naho ibiti 5 vy’amatara nivyo vyahenutse.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, ivyo vyose bavyiboneye bamaze gushika aho vyabereye.
MUGISHA Van Naris