Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga: Abantu batatu barapfunzwe bagirizwa urupfu rw’uwapfiriye ku (...)
Muyinga: Abantu batatu barapfunzwe bagirizwa urupfu rw’uwapfiriye ku mupfumu
mercredi 27 Nyakanga 2017
Abo bapfunzwe ni umupfumu umwe n’abagabo babiri bose bahagaritswe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga 2017, bakaba bapfungiwe mu gasho k’igiporisi i Muyinga.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko uwo yapfuye yari yarungitswe kwivuriza mu bitaro bikuru vy’i Kiremba, mu ntara ya Ngozi, ariko abo mu muryango wiwe baca bamujana ku mupfumu ari naho yapfiriye.
Mu giporisi i Muyinga bavuga ko amatohoza yamaze gutangura kuri abo bantu batatu bamaze guhagarikwa.
MUGISHA Van Naris