Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : " Ikambi ya Mukoni yatewe
Muyinga : " Ikambi ya Mukoni yatewe
mardi 24 Nzero 2017, par
Ikambi ya Mukoni iri mu ntara ya Muyinga yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana, nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano muri iyo ntara.
Amasasu yatanguye kwumvikana nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu micungararo y’iyo kambi. Ivyononekaye muri ayo masasu yamaze nk’isaha imwe ntibiramenyekana.
Ariko abantu batatu bakekwa ko bari muri uwo murwi w’abateye ikambi bafashwe, hamwe n’inkoho zitatu nazo nyene zafashwe.
- Batatu bafashwe bagirizwa ko bari kumwe n’abateye ikambi ya Mukoni
Mu ngo z’abanyagihugu zegereye ahari iyo kambi, abajejwe umutekano bazindutse barasaka mu banyagihugu, barondera abadakwije ivyangombwa.
Mu makaritiye yandi, ubuzima bwabandanije mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, aho abanyeshure n’abakozi bariko baja ku mirimo yabo ya minsi yose, nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Muyinga.
Igisirikare c’Uburundi kikaba catunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, igihe c’isaha zine, kugira batange umuco kuvyabaye i Muyinga. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
IGIHE
Messages
24 Nzero 2017, 09:29, par Kuri
In Burundi I think government are not carrying for the community how those can attack military camp?
24 Nzero 2017, 09:32, par Amerc
Nibakubit iyomihimbiri bagomba kudusubiza mukaga turacariho nabandikiy biyumvira gutyo nibateshebate
24 Nzero 2017, 09:46, par sinivuga
uburundi nigihugu cihagaze abakiyumvira nibate bateshwe mutama turamushigikiye too
24 Nzero 2017, 10:09, par Nene Nelson
None nimutubwire ivyonekariye murico gitero mbe abafashwe bisiguye gute ko arabagwanyi canke arabasuma dutohoreze iyo nkuru tumenye ido nindo?
24 Nzero 2017, 10:23, par MUYINGA
TUGIRE IRWANO YINZARA TWONGERE TUGIRE IYAMASASE ABANTU BAHORA BAHUNGA INZARA NONUBUHO BACUMVA AMASASE BIZOGENDA GUTE. NIVYAHUHA BIGIYE GUHUHUKA ESE BOTUREKA TUKIRWANIRA ,NINZARA IBISIGAYE IMANA IRABIBONA
24 Nzero 2017, 10:43, par Obama
Ntakambi yatew barabasuma baje kwiba baca barabafata
24 Nzero 2017, 11:15, par Kararuza
Yaco mubehera abo ba Chechk,ngo bateye camp militaire !hhaahh turabazi sha ni Mchezo wa ndani
24 Nzero 2017, 11:20, par Saïdi Anicet
Dukore Kwicwa N’inzara,amasasu Ngo Nababonye?Haha!
24 Nzero 2017, 11:39, par Bosco
Abajejwe umutekano mwicare mwagavye guko si bose bakunda umukuru w igihugu cacu,benshi bagenda hanze y igihugu ngo barahunze nibo batukisha igihugu cacu basiga bawucanye batari buwote .ndahanura abarundi bene wacu,birinde kubeshwa ngo bisuke mu tudumbidumbi twa bitwaje ibigwanisho ngo badurumbany umutekano guko ata mushinge bigifise ntaho bazoshika bazogwa mu nzira.
24 Nzero 2017, 11:48, par SUGURU SEBASTIEN
ABO NUKWITWENGA NABATAGIRIZWA NKIVYO BARAFATWA NKANABISHWE; EMWE NIBAKOMEZE NZOBA NDUMVA ECT-
24 Nzero 2017, 12:02, par Girbert
Ibi ntivyumvikana Kabisa ?gira matohoza kugirahamenyekane ababatumye?
24 Nzero 2017, 17:05, par amaso ntabonaneza
abo bagwanyi mwafashe mbona mwiheze kabisa nimurabeneza amasu yanyu ntabona neze nimuje kubarondera ahabanyikiye abobatama nimubarekure
24 Nzero 2017, 20:31, par Radjabu
None Ubu Mumaze Gufata Bangahe?Ahubwo Nimubabaz Uwabatumye Kwari Mu Gihugu Cuburundi Canke Kari Mwabarya Bahunze Kera .
24 Nzero 2017, 21:16, par Wa Rumong
Abakina Ntibakine N,ankurunziza Kukoyabibonyebatarashika Kuko Iyomihimbiyafaswenibayice Ivyon,ivyabishuman,abambuziyamavugayooo?Imbwazirapfantizihona N,ibatinyinzego Turimasho Abandicivyontabwengebagirakuko Ahontibabonako Turimaso Jewenibabampendabamesebandajentaryamye Kudahanimbwabigwizimishega Komera Nyakwubahwa Hezagigwa Imanamurikumwe
24 Nzero 2017, 21:17, par Wa Rumong
Abakina Ntibakine N,ankurunziza Kukoyabibonyebatarashika Kuko Numutware Akundimana Iyomihimbiyafaswenibayice Ivyon,ivyabishuman,abambuziyamavugayooo?Imbwazirapfantizihona N,ibatinyinzego Turimasho Abandicivyontabwengebagirakuko Ahontibabonako Turimaso Jewenibabampendabamesebandajentaryamye Kudahanimbwabigwizimishega Komera Nyakwubahwa Hezagigwa Imanamurikumwe
24 Nzero 2017, 21:35, par NINYIBUKA
KABISA NIHWEJE ABOBANTU SABAGWANYI NIBARABE BARONDERERE AHANDI
25 Nzero 2017, 07:05, par Wa Karusi
Abo Bantu Bakwiye Kubitohoza Neza Basanzarivyo Bace Babica Bashaka Kudusubiza Mwishamba Ntamitima Bafise Nibatureke Ninzara 6yoruhor Itwiyicire Nayo Uwukina Nankurunzinza Arapfuye Turamuhevye Urya Ni Mutama Wuburundi Nimana Yacu 2.Nibasoze Bigumw Iyo Nizara.
25 Nzero 2017, 08:51, par Matabaro
Warumong
Banza Usubire mwishure kuko ivyo wandika ndibisomeka