IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Umushingamateka NDIMURWANKO Anne Marie n’abandi batatu bitavye (...)

Muyinga : Umushingamateka NDIMURWANKO Anne Marie n’abandi batatu bitavye Imana

samedi 14 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mushingamateka n’abo bandi baguye mw’isanganya ry’imodoka, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Petero NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo mushingamateka yatowe i Muyinga kuva mu 2010 gushika mu 2015 yitavye Imana bitewe n’imodoka yarimwo yatakaje ibituma ihagarara (Freinage).

JPEG - 24.1 ko
Ibarabara Muyinga - Cankuzo

Iyo modoka yahitanye abandi batatu bagizwe n’umugore n’umwana bariko basunika ikinga mw’ibarabara iyo modoka yariko icamwo i Muyinga.

Umuntu agira kane yaguye muri iryo sanganya ni uwariko atwara iyo modoka yarimwo umushingamateka Anne Marie NDIMURWANKO.

Mu giporisi bavuga ko iyo modoka yagize isanganya ari iyo uwo mushingamateka Anne Marie NDIMURWANKO yitavye Imana yari yakotesheje agiye mu rubanza rw’uwaronse urupapuro rw’umutsindo.

Abandi bantu indwi nabo bakomeretse muri iryo sanganya.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.