Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro: Umukukuruke mw’Ibanki BCB yishwe atewe Grenade
Mwaro: Umukukuruke mw’Ibanki BCB yishwe atewe Grenade
dimanche 29 Nzero 2017
Umugabo azwi kw’izina rya Bonaventure NTAKABANYURA,umukukuruke mw’Ibanki BCB yaritavye Imana atewe Grenade ku rug rwiwe,ku muszi wa Gihinga,mu ntara ya Mwaro.
Amakuru ava mu ntara ya Mwaro amenyesha ko abagizi ba nabi binjiye mu nzu ya Bonaventure NTAKABANYURA nk’igihe c’isaha indwi n’igice z’ijoro ku munsi wa gatanu buca ari kuwa gatandatu iogenekerezo rya 28 Nzero 2018.
Ayo makuru nyene amenyesha ko baciye bamutera Grenade ariko ntiyatera yitaba Iman abaca bamuhohsha bakoresheje ubuhiri.
Atari telefone ngendanwa zibiri,abo bagizi ba nabi nta kindi bivye mu nzu ya Bonaventure NTAKABANYURA,imbere yuko bahunga bahejeje kugandagura umuhisi.
Mu gipolisi mu ntara ya Mwaro bamenyesha ko abantu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
IGIHE
Messages
29 Nzero 2017, 18:05, par Alice Irumva
le 28 nzero 2018? Mwamaze kuja muri 2018? Haaaaaha
29 Nzero 2017, 21:41, par Nema
igihuku cuburundi ntigikwiye gutwarwa nabarundi guko abarundi bose baramaze kononekara mutwe .
30 Nzero 2017, 03:11, par Ntakirutimana Joel
Turahojeje umuryango wa nyakwigendera NTAKIBANYURA, bihangane mwisi ntamahoro ariho!,nkaboneraho kwiyamiriza bamwebamwe iyo bahivye icoyimena bakaja kumaradiyo, ngo amahoro ari nokuvyatsi! abantu birirwa baragandagurwa burimusi!. Abamwishe nti bazokwigere baronka amahoro kugeza ubuzima bwabose, bazopfe bangara nkakayini.
30 Nzero 2017, 07:19, par Warumonge
Biratangaje Usangabivamumuryangowa Ntawohiryayamugandaguye
30 Nzero 2017, 07:45, par Nowera Nimbona
Turahojeje umuryango wa nyakwigendera bihangane mwisi ntamahoro ariho!,
30 Nzero 2017, 13:06, par Banzubaze
@Alice Irumva
"le 28 nzero 2018 ? Mwamaze kuja muri 2018 ? Haaaaaha"
Hari abariko barihutira gushika muri 2020 kuko bibaza ko imbere ari heza, cambo c’umuntu ari hano ntavuze...