IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Abasirikare n’abaporisi 7 basabiwe gupfungwa ubuzima (...)

Ngozi : Abasirikare n’abaporisi 7 basabiwe gupfungwa ubuzima bwose

mardi 12 juin 2018

Abo basirikare n’abaporisi bahagaritswe mu bice bitandukanye vy’igihugu mu mwaka wa 2016, ariko benshi muri bo bafatiwe mu gisagara ca Bujumbura, imbere y’uko bajanwa gupfungirwa mw’ibohero rya Ngozi.

Amakuru dukesha umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro akorera mu ntara zo mu Buraruko bw’Uburundi yari ahariko habera urwo rubanza, amenyesha ko abo basirikare n’abaporisi bavuze ko bagifatwa bahohotewe kugira bemere ivyo batazi, ari naco catumye bahakana ivyegeranyo vy’amatohoza ya mbere.

Ayo makuru amenyesha kandi ko, abo basirikare n’abaporisi uko ari 18, bavuze ko ataco bagira, kuko ivyo bemeye mu matohoza ya mbere, bavyemejwe ku nguvu.

Bamaze kwumvirizwa, hakumvirizwa kandi n’uwaserukiye Reta muri urwo rubanza, 7 muri abo basirikare n’abaporisi basabiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose, uwaserukiye Reta yasavye sentare ko 11 basigaye yoraba yonyene igihano yobaha.

Vyitezwe ko urubanza ruzosomwa inyuma y’ukwezi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.