Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Uwagandaguye umukozi wa COOPEC yaciriwe urubanza
Ngozi : Uwagandaguye umukozi wa COOPEC yaciriwe urubanza
jeudi 13 Ndamukiza 2017, par
Uwishe umukozi w’ishirahamwe ry’ukuziganya COOPEC yaciriwe urubanza rw’ikibiriraho, muri Sentare nkuru ya Ngozi. Zénon NDAYAVUGWA uwakoze ico caha yaciriwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni 180.
Zénon NDAYAVUGWA yiyemereye icaha, amenyesha ko yagandaguye umupfasoni Evelyne NIZIGIYIMANA kugira amwihore, kuko yamwimye ingurane muri iryo shirahamwe ry’ukuziganya n’ukuguranana (COOPEC).
- Evelyne NIZIGIYIMANA, yahora akora muri COOPEC Ngozi
Nk’uko uwagirijwe ico caha yavyiyemereye wenyene, intango ya vyose, yasavye ingurane ry’amafaranga imiriyoni zitanu, arayiriha ata kibazo, aca asubira gusaba iyindi ngurane y’amafaranga imiriyoni zirenga 30. Kuri iyo yindi ngurane yari asavye, ishirahamwe COOPEC ryahisemwo kumuha imiriyoni cumi gusa, kuko arizo babona afitiye ubushobozi bw’ukuriha. Uwo Zenon NDAYAVUGWA aca atwarwa n’agashavu, atangura gutegura kugandagura uwo mukozi wa COOPEC yagirije ko ariwe yagize uruhara muri uko kumwima ingurane.
- Zenon NDAYAVUGWA, ku maguru yiwe hari imbugita yakoresheje mu gusogota umukozi wa COOPEC
Nk’uko yabisiguriye abacamanza, yiyumviriye ko niyamwica azoca asubira gusaba ingurane, kuko uwamubereye intambamyi azoba atakiri muri ako kazi.
Inyuma y’ugusomerwa ingingo ya Sentare, Zenon NDAYAVUGWA yashimye urubanza aciriwe, abwira abacamanza ko atazokwunguruza.
Evelyne NIZIGIYIMANA, yahora akora muri COOPEC Ngozi yishwe asogoswe imbugita mu mutima na Zenon NDAYAVUGWA, mw’ijoro ryo ku munsi wa kabiri.
IGIHE
Messages
13 Ndamukiza 2017, 07:50, par claire
cet idiot devrait lui aussi mourir. arica umuntu ukamengo ntaco bimubariye!!!! mbe igihano curupfu cagiye he? mubihugu bitari civilise nku burudi ni gute bokuraho igihano c’urupfu mugihe umuntu yica uwundi nkaho wamengo ni inkoko yo kurya, maze bigaherera aho, ngo kumufunga ubuzima bwiwe bwose, ivyo se bivuze iki ko bazoca bamufungura!!!!!
13 Ndamukiza 2017, 08:26, par Wakera
Iyo mbonerakure, yabitumwe nabasebuja kuko ico kibanza uwo mupfasoni yarimwo bariko bakironderera interahamwe izobafasha gutembagaza Coopec! Aho mwabukaranga twari musi y’urujo!
13 Ndamukiza 2017, 08:40, par NDIKUMANA
YAKOZENABI GUCAFATINGINGOYOKUMWICA NAHANIGWIVYOYAKOZE NAHANDI ARAVYIYEMERERA?
13 Ndamukiza 2017, 10:01, par Ndumiwe
Uwishe Umukozi Wa Kopek Yingozi Yaciriwe Umunyororo Woguherayo Kandi Yishe Umuntu Umwe Abakozoze Kudetanabo? Bocirigwa Urubanza Uruhe?
13 Ndamukiza 2017, 12:53, par Elyse veinard Niyo
Niyo bo mwica
13 Ndamukiza 2017, 15:41, par SUGURU SEBASTIEN
MWEHO KO MUTAMWISHE? NTAGIHANO KIRI NGAHO MWAMUHAYE! EJO AZOBA YATASHE HAHOMVYE ABABUZE! IMANA IMWAKIRE! COOPEC ITANGE AKABABARO KURI BENE UMUNTU!
13 Ndamukiza 2017, 16:04, par josué
Uwicishije Imbugita Azokwicishwa Iyindi. Imana Imwakire Mubwami Bwayo!
13 Ndamukiza 2017, 17:46, par Wakera
Murambabarira kuvyonanditse ahohepfo.
13 Ndamukiza 2017, 19:28, par Hilaire
Ahubwo Naw Yicwe.Aha Naratuntujw Nanj Nuwagandaguy Mukurwanj .Mb Hoho Iyo Ndishi Irorihwa Nande?Munyishur Kuko Turahohotegwa Cane Twebw Turabura Bo Baguma Barya Kuri Gusa Ngo Barafunzw. Bituma Haguma Ihorihori
13 Ndamukiza 2017, 19:52, par Mediator
Uhoraho Imana abwira ab,isirayeli ati" uwuzofatwa yishe umuntu nawe aze yicwe kugirango mukure ikibi hagati muri mwebwe" none iyo ntozo muyibikiye iki?? Mwice kugirango n,abandi ntibaze barote bica!!! Nshimire caaane umushikiranganji WO kwivuna abansi gusaba ko hogaruka igihano co Gupfa!!! Erega iyo ushobora kwica ntuba ukiri umuntu n,imbwa igwaye mujeri barayica kugira ntiyanduze izindi. Twibaze kW,ibi
utwana asize arimpfuvyi!!!!
agafashanyo yahora aha umuryango
ubuzima n,imigambi yiwe biherey aho!!!;
Vyoooose kubw,umwicanyi umwe
14 Ndamukiza 2017, 05:39, par NDAYIZEYE.GERARD
AHOBAMUVYOGORA.IBIGITAYARIYAKOZIKI .?
14 Ndamukiza 2017, 06:18, par Nduwimana Elvis
Abantu Turakwiy Guhndur,ingend.Uwo Bashiz Mumabnga Yiguhugu,aratandukany N,abandi,ntiwomugrira Ishari Kuk,adakoz,ukushaka,kuk Hab Harmwo N,ukugkingir,ingorane.
14 Ndamukiza 2017, 09:23, par D.P.E
Ndashimiye,mediator Na Eclaire Kuvyifuzo Batanze. Hari Hakwiye Kugarukana Igihano Cogupfa Kubakora Ubwicanyi Iyoyafashwe Bibere Akarorero Abandi Baciyumvira Nkivyo Biragayitse Mu Burundi.
14 Ndamukiza 2017, 11:17, par umuhire sandrine
abarundi muri abana babi cya imana izabahane mukunda kwica ariko imana irabibona yarabaremeye mukomeze ariko hari umusi w,urubanza byose bizajya ahabona
14 Ndamukiza 2017, 19:35, par S.M.G.B Eduard
Umva mukomerezaho mukubic kuko uwomubishango ni Nkurumbi Niwe Abaha Akarorero Kokugandagura Abaturage Bazurubusa Werero Mugabo Ivyaweturiko Turabikurikirana Ntundyame Usinzir Kuko Isaha Nisa Dushobora Kukuvanamwo Kbnd Vyihuse
16 Ndamukiza 2017, 11:52, par JOEL
YEMWE IMANA IDUFASHA KANDI ITUGIRIRE IKIGONGWE NTAMUNTU ASHOBORAKWAKA UBUZIMA MUGENZIWE BARASOMA NEZA IVYABAYE KURI GAHINI YISHE ABERI MURUMUNAWE ICO UTIPUZAKOBO KUGIRIRA NAWENTUGIKORERE ABANDI TUBUNBWE NIVYO DUFISE
18 Ndamukiza 2017, 06:33, par Irumva
mbe niryari inzigo nubwicanyi bijova mumitima yabarundi ??? ufinyishu anyishure
18 Ndamukiza 2017, 06:56, par sezibera,erik.kirundo
uwomuntu,kwiye.gufungwaburundu
18 Ndamukiza 2017, 18:56, par JEREMIE
NN KO YAMWISHE AYO MAHERA YARAYARONSE? INYUNGURABUGABO IKURA NUBWARIBUHARH KANDI NDARYIMAR NIW NDARYITER
18 Ndamukiza 2017, 18:57, par JEREMIE
NN KO YAMWISHE AYO MAHERA YARAYARONSE? INYUNGURABUGABO IKURA NUBWARIBUHARH KANDI NDARYIMAR NIW NDARYITER
18 Ndamukiza 2017, 22:15, par MCCM
GUSA KWIYISI NTAMAHORO YAC MUBESHER UMUTAMA WAC PTER
25 Ndamukiza 2017, 20:01, par bonaventure
uwo zenon nawe yarakwiye kwicwa
2 Rusama 2017, 18:52, par NYANDI NOËL
UWOMUNTU YIC UWUNDI IMANA NIYO IZOMUCIRA URUBANZA
2 Rusama 2017, 18:52, par NYANDI NOËL
UWOMUNTU YIC UWUNDI IMANA NIYO IZOMUCIRA URUBANZA
6 Ruheshi 2017, 19:42, par nizigiyimana
nonengobamuhoye.iki?.abobantubazabararenganya.bahohotera.abandi.nyimba.iricobababapfa.hakagira.1.yitura.ubutungenebukabunviriza!!.jewe ndi cyriaque.nvukamuntarayangozi komine ruhororo nkabandi.bujumbura.burundi.