Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Umukozi wa COOPEC yishwe avuye ku kazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Umukozi wa COOPEC yishwe avuye ku kazi

Ngozi : Umukozi wa COOPEC yishwe avuye ku kazi

mercredi 12 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugore azwi kw’izwi kw’izina rya Evelyne NIZIGIYIMANA, yahora akora muri COOPEC Ngozi yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri n’umuntu yamutegereye avuye ku kazi. Uwo mugore yishwe hakoreshejwe imbugita, nk’uko mu giporisi bavyemeza.

JPEG - 41.7 ko
Evelyne NIZIGIYIMANA, yahora akora muri COOPEC Ngozi yishwe

Uwagandaguye uwo mupfasoni yafashwe : Ni umugabo azwi kw’izina rya Zenon NDAYAVUGWA, aba muri Kinyami ya kabiri, akaba ari mu minwe y’igiporisi.

Amakuru ava aho i Ngozi aratandukanye, ku bijanye n’iyicwa ry’uwo muntu. Bamwe bavuga ko uwo mugore yahowe ko yimye ideni uwo mugabo yari yasavye muri COOPEC, abandi bakavuga ko uwo mugabo yasavye ingurane ry’amafaranga imiriyoni zitanu z’amarundi, ariko muri COOPEC bamwandikako imiriyoni icenda.

Mu giporisi ntibaratanga umuco.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.