IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Nyanza-Lac: Umukozi w’ishirahamwe IRC yatowe ikiziga yapfiriye mu (...)

Nyanza-Lac: Umukozi w’ishirahamwe IRC yatowe ikiziga yapfiriye mu nzu

Monday 22 January 2018

Uwo yitavye Imana azwi kw’izina rya Gode, yari asanzwe akorera ishirahamwe IRC (International Rescue Catholique), akaba yari asanzwe kandi aba muri Quartier Gitunda, aho i Nyanza-Lac.

Amakuru ava aho i Nyanza-Lac amenyesha ko Gode yaryamye akomeye, ariko mu gatondo ko kur’uno wa mbere basanze yitavye Imana mu nzu, igihe umukenyezi wiwe yari yaraye ku kazi kw’ivuriro .

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano aremeza ayo makuru, ariko akavuga ko uwo yitavye Imana atari agikorera ishirahamwe IRC, ahubwo yakora nk’uwisumamwo, mu kazi ko kunyonga imodoka.

Pierre NKURIKIYE avuga ko yoba yiyahuye kubera indyane zo mu muryango, zifatiye ko boba bari bamwankiye ko agurisha ikibanza co kwubakamwo.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.