Accueil > Amakuru > umutekano > Nyarusange: Umuntu umwe yishwe atewe grenade
Nyarusange: Umuntu umwe yishwe atewe grenade
jeudi 23 Ntwarante 2017
Umugabo azwi kw’izina rya Kobero niwe yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu igenkerezo rya 22 Ntwarante,umwaka wa 2017,ku mutumba Gasenyi, Komine Nyarusange,intara ya Gitega.
Amakuru ava aho ku mutumba wa Gasenyi, amenyesha ko Kobero, yishwe atewe igisasu ntenzwantoki (grenade) bayicishije mw’idirisha ryaho aryama, nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro.
Amakuru ava ahegereye aho uwo yaraye yitavye Imana yaba, avuga ko abagize ico gitero n’ubu bataramenyekana, ariko ko mu gatondo ko kuri uyu wa kane,igenekerezo rya 23 Ntwarante,umwaka wa 2017 abapolisi batari bake bari baje kuraba ahabereye ubwo bwicanyi.
Mu gipolisi mu ntara ya Gitega, bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira bamenye abakoze ubwo bwicanyi.
IGIHE
Messages
23 Ntwarante 2017, 16:31, par Niyongabo vincent
Mwaramutse mbega ubugizi bwanabi buzohera ryari? Ubwicanyi buzohera ryari? Imana nitugarukire, ivyo vyose biva kubukene.
23 Ntwarante 2017, 20:39, par janvier nyandwi
mutama wacu Kobero Imana imwakire mu bwami bwayo! tuzogukumbura ariko ntakundi. Inkozi zikibi nazo tuzisabira guhinduka bakava ibuzimu bakaja ibuntu kuko ntanyungu numutahe bazokura mu maraso.
23 Ntwarante 2017, 21:57, par Sinzinkayo Donatien
Mbega Kotwama Twumva Abantu Bapfa Bigahera Mumatohoza Biva Guki Reta Inaniwe Namatohoza Nitore Umuti Wabobagizi Banabi Badusubizinyuma Twagomba Amahoro